Episodios

  • Ep 12 - Gusohora amahasa
    Jun 10 2024

    Ubuheruka twaganiriye ku bijanye no gusohora umuvyeyi. Muri iki gice, turabira hamwe uko basohora umuvyeyi yibarutse amahasa. Kurikira kino kiyago muheze mutwunganire.


    Murakoze !


    Mufise ico mwipfuza gushikiriza, muraturungikira ubutumwa tuzoheza tubishure.

    Más Menos
    36 m
  • Ep 11 - Gusohora umuvyeyi
    Jun 10 2024

    Gusohora umuvyeyi ni umwe mu migirwa yo mu Burundi bwaho hambere. Vyongeye, no mu gihe ca none, uwo mugirwa uracariho.

    None woba ugikorwa nkuko vyahora muri kahise ? Warumaze iki ? Wasigura iki ? Wagenda gute ?

    Ivyo ni bimwe muvyo duca irya n'ino muri iki kiyago kigira icumi na rimwe.


    Mufise ico mutwunganira, turabahamagarira kuturungikira ubutumwa kuri : egere.tuyage@gmail.com.


    Murakoze.

    Más Menos
    39 m
  • (Hors-Série) - Twagarutse
    May 19 2024

    Turasaba imbabazi ku gihe twari tumaze tutabashikiriza ibiganiro. Ico vyavuyeko nuko tugiye kubashikiriza ibiganiro bishasha nivyo musanga muri aka gace gato k'ikiyago.

    Mufise ico mudushikiriza, caba ikibazo canke agatererano kanyu, murashobora kutwandikira kuri : egere.tuyage@gmail.com


    Murakoze.

    Más Menos
    4 m
  • Ep 10 - Kwibungenga no kwibaruka
    Dec 18 2022
    Muri iki gice kigira icumi, tuyaga ibijanye no kwibungenga hamwe no kwibaruka kw'umugore. Aho hambere umuryango woba waba muri ico gihe gute ? Hoba hari imigirwa yari ijanye n'ico gihe gikomeye ku mugore ndetse n'umuryango ? Tega yompi ikiyago c'icumi ndetse mutwunganire mu kutwandikira ubutumwa. Murakoze.
    Más Menos
    34 m
  • Ep 9 - Guca mu marembo
    Nov 27 2022

    Turabandanya kwungurana ubumenyi mu migirwa n'imanza zakurikira ubugeni mu Burundi bwaho hambere. Muri iki gice musangamwo umugirwa wo "Guca mu marembo". Murahamenyera uko uwo mugirwa warumeze.


    -----------

    Mushaka kutwunganira, murashobora kutwandikira kuri : egere.tuyage@gmail.com

    Murakoze !

    ----------

    Más Menos
    29 m
  • Ep 8 - Gusubiza amaguru
    Nov 20 2022

    Turabandanya ikiyago cacu kubijanye n'imanza ziranga ubugeni mu muco w'ikirundi. Muri iki gice, tuyaga umugirwa witwa "Gusubiza amaguru". Uwu nawo ukaba waba inyuma yo kujana ubugeni. 

    Más Menos
    36 m
  • Ibibazo n'intererano
    Oct 30 2022

    Iki kiganiro tugaruka ku bibazo bamwe n'abandi bagiye baratubaza. Turongera tukavuga kandi n'intererano mwaturungikiye.

    Más Menos
    45 m
  • Ep 7 - Kujana ubugeni
    Oct 16 2022

    Imanza zijanye n’ubugeni zimaze guhera, mu Burundi bwaho hambere baraheza bakajana ubugeni.  Ahenshi, uwo mugenzo w’ikirundi uracariro. Yamara hariho itandukaniro ryoko vyagenda nuko bisigaye biri. Iryo tandukaniro niryo shimikiro rya kino gice c'ikiyago cacu.

    Tubibutse ko mushobora kuduterera ivyiyumviro, mukatwunganira kuvyo tutaba twaganiriye canke uko muzi bimwe n'ibindi tuba twaciyeko mu kiyago cacu.

    Murakoze.

    Más Menos
    44 m